Inyandiko gusaAhavuye isanamu, Andriy Yermak/TelegramInsiguro y’isanamu, Amasanamu yerekana Perezida Donald Trump wa Amerika na Volodymyr Zelensky wa Ukraine bicaye, ubwenge bwose buri mu kiyago hagati muri Bazilika yitiriwe Petero MwerandaHaciye amasaha 5PereszidaVolodymyr Zelensky wa Ukraine na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika babonaniye muri Bazilika yitiriwe Petero Mweranda imbere y’ibirori vyo gushingura Papa Fransisko.Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunzr Ubumwe za Amerika) ivuga ko uno mubonano wamaze iminota 15 wabaye “ngirakamaro cane”, mu nyuma Zelensky na we akaba yavuze ko baganiriye vyinshi.Trump na Zelensky bafashwe isanamu bicaranye, bari mu kiyago gikomeye, bashimitse, hasigaye iminota mike ngo ibirori bitangure.Uno mubonano ubaye inyuma y’umusi umwe Trump avuze ko Uburusiya na Ukraine “biri hafi cane yo gushika ku masezerano”, inyuma y’ibiganiro hagati y’intumwa yiwe Steve Witkoff na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya i Moscou ejo ku wa gatanu.Igihe yasohora ifoto ya Zelensky yicaranye na Trump, umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine Andriy Yermak yongeyeko ati ” Ikiganiro cubaka”.Aba bategetsi babiri ntibari bwigere bahura kuva wa musi baterana amajambo muri Maison Blanche mu mpera za Ruhuhuma (2), igihe Trump yabwira Zelensky ati “nta ntambara uriko uratsinda kandi nta yandi mahitamwo ufise”.Yarasubiyemwo aya majambo muri ino ndwi, avuga ko uno
Read More
Zelensky na Trump mu kiyago gikomeye i Vatican – BBC News Gahuza

Zelensky na Trump mu kiyago gikomeye i Vatican – BBC News Gahuza