Haciye amasaha 6Ahavuye isanamu, Getty ImagesInsiguro y’isanamu, Mu kwa mbere imiriyoni z’abantu bari basanzwe bayikoresha baciye bimukira ku zindi mbugaWhatsApp ibandanya n’impinduka yatanguye zijanye n’ikoreshwa ryayo, ariko ubu ikaba yahinduye amayeri yo kuzumvisha abanywanyi bayo basanzwe baraziyamirije. Igihe imenyesha ibijanye n’izi mpinduka ubwa mbere, hari mu kwa mbere kw’uyu mwaka, amamiliyoni y’abakiriya bayo baciye bimukira ku zindi mbuga zisanzwe ari abakeba ba WhatsApp. Mu ntango, uru rubuga rusanzwe rwegukira Facebook rwavuze ko rwazize “ibinyoma” ku bijanye n’izi mpinduka. Ariko rero ubu, WhatApp ivuga ko “yashoboye kwiyumvira” ingene yategerezwa kuba yazisiguriye abanywanyi bayo ku buryo bitari guteza induru. Amajambo yakoresheje mu kumenyesha izi mpinduka ubwa mbere yatumye abantu bagira ubwoba ko WhatsApp izohava isohora amabanga ya ba nyene kuyikoresha ikayaha Facebook. Mu vy’ukuri, ni ibintu bike vyahindutse hano – kandi imbere y’aho hafi abayikoresha bose nta makenga bagize ku bijanye n’ubwoko bw’aya makuru y’ibanga yari guhabwa Facebook. Iyi ncuro ya kabiri yo kugerageza kwumvisha abayikoresha, WhatsApp igiye kuza yerekana icapa kimenyesha izi mpinduka iyo umuntu uyuguruye kuva mu ndwi ziri imbere. Ahavuye isanamu, WhatsappInsiguro y’isanamu, Iki capa kizoba gisirura ibijanye n’izi mpindukaIsaba abanywanyi bayo kwitonda bagasoma neza ibijanye n’izi mpinduka – ibizohinduka n’ibitazohinduka. Hari ubutumwa kandi izocisha muri karya kadirisha kayo…
Read More












